ONU Isabira Uburenganzira bw'Imyiyerekano muri RDC

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryongeye gusaba Abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo kwubahiriza uburengenzira bwa muntu kur’uyu wa gatatu, mu gihe kur’uyu wa kane abatavugarumwe na Perezida Joseph Kabila batumyeko imyiyerekano, iza yamaze kubuzwa n’abategetsi. Florence Marchal avugira inteko za Monusco yateye akamo Abategetsi ba Kongo kwubahiriza uburenganzira bwo kugira amakoraniro n’imyiyerekano, vyemezwa n’ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu. Buramatari wa Kinshasa yimanye uruhusha rwo kugira imyiyerekano, aho urunani rw’imigambwe ya politike itavuga rumwe n’ubutegetsi n’ayandi mashirahamwe asaba ko Perezida Kabila ava ku butegetsi kuva kw’itariki ya 31 y’ukwezi kwa cumi na kabiri kuza. Félix Tshisekedi, arongoye urunani rw’abatavugarumwe n’ubutegetsi yabwiye abamenyeshamakuru ko ata kibuza iyo myiyerekano, aca asaba abanywanyi biwe kwihereza amabarabara yo mu gihugu cose kur’uyu wa kane.

from Voice of America http://ift.tt/2AqpIb6
via IFTTT

No comments:

Post a Comment