Dr.Jean Minani, Avuga kw'Ibiganiro Vy'i Arusha Ar'inkinamico

Kuva ku wa mungu itariki 26 gushika itariki 8 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, Abarundi barakoraniye  I Arusha mu biganiro birongowe n’umuhuza Benjamin Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzania. Ivyo biganiro vyaritabwe n’abarundi bari mu mirwi, amashirahamwe hamwe n’imigambwe itandukanye, irimwo imigambwe ihurikiye mu runani rutavuga rumwe na reta, CNARED. Yamara abarongoye urwo runani, bagwiriyemwo ababa mu bihugu vyo mu mahanga mur’iki gihe, ntibitavye ivyo biganiro, naho benshi muribo bari baronse ubutumire ku giti cabo: Docteur Jean Minani, yaraye asubiye gutorwa mu mabanga yo kurongora urunani CNARED, avuga ko hakwiye kuba ibiganiro nyakuri bihuza Reta y’Uburundi hamwe n’urunani arongoye. Minani avuga kandi kw’ibiganiro biriko birabera I Arusha ar’inkinamico. Reka tumutege amatwi mu kiganiro yagiranye na Frederic Nkundikije    

from Voice of America http://ift.tt/2njWS7h
via IFTTT

No comments:

Post a Comment