Zimbabwe: Prezida Mnangagwa Ahamagarira Abanyezimbabwe Kugira Ubumwe

Prezida Emmerson Mnangagwa yaraye ahamagariye abanyezimbabwe kugira ubumwe. N’inyuma yaho arahiye icese mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu kiringo c’imyaka itanu.    Yavuze ati “ Jewe Emmerson Dambudzo Mnangagwa, ndarahiye ko nk’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe nzoba umwizigigwa, nk’ubahiriza, nkahagarira, nkongera nkagwanira ibwirizwa shingiro kimwe n’ayandi mategeko ya Zimbabwe… " ati  “...Imana ibimfashemwo”. Yarahiye imbere y’umucamanza mukuru Luke Malaba n’abanyezimbabwe ibihumbi n’ibihumbi bariko baramuhayagiza muri ayo mabanga yiwe mashasha azomara imyaka itanu.  Ku musi wa gatanu, yari uwo mucamanza nyene yatanganje icese ko kw’itariki mirongo itatu z’ukwezi kw’indwi, Mnangagwa yatsinze Nelson Chamisa wo mu mugambwe Movement for Democratic Change Alliance mu matora y’umukuru w’igihugu.  Chimisa yari yitwaye asaba ko amatora ateshwa agaciro, ku vyagirizo vy’uko ibiro vy’igihugu bijejwe amatora vyagize amanyaga ku nyungu z’ umukandida Mnangagwa wo mu mugambwe Zanu PF.    

from Voice of America https://ift.tt/2MUXLP1
via IFTTT

No comments:

Post a Comment