Hasigaye amazi make ngo ibikogwa vy' ikambi y’abasirikare ba Amerika bagwanira mu kirere muri Niger birangire. Umutegetsi mu gisirikare ca Amerika yabwiye Ijwi rya Amerika ko iyo kambi y’indege zitagira abadereva (Drone) zizoba zishinzwe igikogwa co kugwanya imigwi y’abagwanyi bakorera muri ako karere. Uwo muvugizi w’igisirikare kigwanira mu kirere ku mugabane wa buraya na Afrika Auburn Davis, yabwiye ijwi rya amerika ko Amerika imaze gukoresha amafarnga angana n’imiriyoni mirongo umunani na zitandatu n'ibice bitanu vy'amadolari mu kwubaka iyo kambi muri Nigere yiswe “Air Base 201” Aubunr avuga kandi kw' ico gikogwa kizobandanya mu mwaka wi 2019, kikazokenera amafaranga yose hamwe angana n’imiriyoni mirongo icende n'umunani n'ibice bitanu. Davis avuga kw’iyo kambi ya gisirikare iri mu gisagara ca Agadez mu buraruko bwa Niger ari iyambere nini yubatswe n’igisirikare ca Amerika kigwanira mu kirere kuva kibaho.
from Voice of America https://ift.tt/2Lw19eu
via IFTTT
No comments:
Post a Comment