Umwungere wa Eleziya Katorika papa Francis ari mu rugendo mu gihugu ca Irlande, aho vyitezwe ko azohura n’abakorewe amabi arimwo gufatwa ku nguvu no gukubagurwa n’abihebeyimana Muri urwo rugendo nyenubweranda Francis akoze inyuma y’imyaka 40 ata mu papa agendera Irlande, yavuze ko adashobora kwirengagiza akababaro k’abaseserejwe n’abari babwirijwe kubakingira. Papa yanavuzeko ukuba Ekleziya Katolika itashoboye gutorera umuti ico kibazo, abagirwa n’ayo mabi bagakomeza gukingirwa ikibaba bibabaje kandi biteye isoni. Vyitezwe ko mu gihe abaharurwa mu bihumbi bazoba bariko bakurikirana inkuka ya misa papa azohereza ejo ku wa Mungu, hari umurwi w’abiyamiriza ayo mabi bazokora imyiyerekano basaba papa gufata ingingo ruhasha ku bapatiri n’abepiskopi bagirwa n’amabi afatiye ku gitsina. Kuva ivyaha vyo gufata ku nguvu abana no kubahohotera vyagirizwa bamwe mu bihebeyimana bitanguye gushirwa ahabona mu 2005 muri Irlande, abanyagihugu bo muri ico gihugu baragabanije guhurumbira Ekleziya Katorika.
from Voice of America https://ift.tt/2NmqvgM
via IFTTT
No comments:
Post a Comment