Papa Fransisiko: Asaba Imana Imbabazi Ku Bicumuro Vya Ekleziya Katolika

Umwungere wa ekleziya Katolika kw’isi Papa Fransisiko, yaraye asavye Imana imbabazi vy’umwihariko ku bicumuro bijanye no gushurashuza abana bakiri bato bigigwa cane muri ekleziya Katolika. Uwo muyobozi yabivugiye kw’ishengero rya Knock aho yari mu rugendo mu gihugu ca Irlande ejo ku musi wa mungu. Yagereranije ayo mabi ateye isoni agigwa n'abayobozi b'ishengero, nk’ibiguma bikiri bishasha”, kandi ko ingingo zikomeye zikwiye gufatwa kugira “ukuri n’ubutungane bije ahabona”. Papa Fransisiko yarongeye aranegura amashirahamwe ayobowe n’ishengero katolika muri Irelande, kuba muri kahise yatanze abana b’abagore batubatse ngo baje kureregwa mu yindi miryango.  Avuga kw’ivyo vyatumye abana bakiri bato banyagwa ubuzima bwabo, basigara atawubakurikirana, bahava bakura bafise ibikomere vyo kumutima. 

from Voice of America https://ift.tt/2Lurnhp
via IFTTT

No comments:

Post a Comment