Umukuru w’igipolisi hamwe n’umukuru w’ibiro bijejwe iperereza mu gihugu ca Somalia, bakuwe mu mabanga yabo inyuma y’aho umuhari ukora ibitero vy’iterabwoba al-Shabab ukoreye igitero cihaye inkumbi kw’ihoteri ku murwa mukuru Mogadishu. Amakuru atangazwa n’abajejwe gucungera umutekano avuga kw’abantu 26 basize ubuzima mur’ico gitero cabereye kw’ihoterli yitwa Nasa Hablod Two, iri i Mogadisho. Abandi bantu bantu barenga 20 barakomeretse. Abo bagwanyi bateye iyo hoteri ku musi wa gatandatu, akanya gatoyi inyuma y’aho baturikirije ikibombe ku rugi rugana kur’iyo heteri. Abapolisi batangaje ko bafashe babiri mu bantu bakoze ico gitero. Ku musi wa gatandatu kandi harabaye ikindi gitero ku nyubakwa yahoze ar’ibiro vy’inama nshingamateka.
from Voice of America http://ift.tt/2ie0GRs
via IFTTT
No comments:
Post a Comment