Bombe y'Umwiyahuzi Yahitanye Umunani i Kabul

Umwiyahuzi yaturikije bombe mu kibanza kirimwo abaserikiora ibihugu vyo mu mahanga ku murwa mukuru w’igihugu ca Afuganistani, Kabul, yica abantu umunani abandi batari bake barakomereka. Ivyo bitangazwa n’abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu. Reta ya Kiyislamu yiyitiriye ico gitero. Mu ntango z’uku kwezi, umwiyahuzi yaraturikije amabombe hafi y’ikibanza kirimwo ishule y’igisirikare ku murwa mukuru, Kabul. Yahitanye abasirikare 15, abandi batari bake barakomereka. Abatalibani bariyitiriye ico gitero ca bombe. Muri iyo ndwi nyene umwiyahuzi yariroshe mu musigiti wari wuzuye Abayislamu b’Abashite ku murwa mukuru, Kabul, yica abantu bagera kuri 50. Reta ya Kiyislamu yatangaje ko yateguye ico gitero.

from Voice of America http://ift.tt/2zkZQ0u
via IFTTT

No comments:

Post a Comment