USA: "Ubushinwa Bufise Ubwigenge bwo Gukura Ibiringo"

Reta zunze ubumwe z’Amerika zishikiriza ko umugambi w’Ubushinwa wo gukura ibiringo umukuru w’igihugu amara ku butegetsi ari ikibazo cega Ubushinwa ubwabwo. Sekreteri ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Sarah Sanders yabishikirije kur’uyu wa mbere mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku biro vya perezida, White House. Yavuze ko intwaro zishingiye ku biringo ari vyo Trump ashigikiye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ariko ko Ubushinwa bufise uburenganzira bwo guhitamwo ico bushaka. Umugambwe w’Abakomuniste mu bushinwa washikirije icipfuzo co gukuraho ibiringo bibiri biri mw’ibwirizwa shingiro umukuru w’igihugu yemerewe gutwara, amakuru yatangajwe n’ikinyamakuru ca reta y'Ubushinwa ku musi w’Imana. Ivyo biringo mu gihe vyokurwaho, ubutegetsi bwa Perezida Xi buzoba butsimbataye na nyaburya abonwa nk’umukuru w’igihugu akomeye Ubushinwa butari bwigere buronka haraheze imyaka itari mike.

from Voice of America http://ift.tt/2Clp4xf
via IFTTT

No comments:

Post a Comment