Burundi: Impapuro z'Inzira Zatanguye Gutangirwa i Ngozi

Impapuro z’inzira Passeport, Laisser-passer na CEPGL nizo zatangiwe ubwa mbere mu gihugu hagati. Gutangira mu gihugu hagati izo mpapuro ata handi zahora ziva atari mu gisagara ca Bujumbura biri mu mugambi w’ubushikiranganji bw’akazi no kwegereza imirimo ya leta abanyagihugu. Felix Mpozeriniga arongoye ubwo bushikiranganji niwe yatanze icese ubwa mbere izo mpapuro. Iyo nkuru niyamara gushika hose, intara ya Ngozi yiteze ko ishobora kurengerwa n’ubwinshi bw’abazoza kurondera izo mpapuro. Abaronkeye ubwa mbere impapuro za murekarenga hagati mu gihugu bavuga ko ari akarusho kanini. Aba banyagihugu baje bava muri komine Busoni ku mupaka w’Uburundi n’u Rwanda. Buramatari wa Ngozi asaba ko ukwo kworohereza abanyagihugu kwobandanya. Ibiro rusangi vyo kwegereza abanyagihugu imirimo ya leta vyuguruwe mu ntara za Ngozi, Gitega, Muyinga, Bururi na Mwaro kuva mu kwezi kwa cumi umwaka uheze. Kugira biboneke, leta yafashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere PNUD. Naho vyuguruwe ico gihe, ntivyashotse bikora. Kwegeranya abakozi no kubigisha uko bikorwa vyatwaye uwundi mwanya.  

from Voice of America http://ift.tt/2GMsGqf
via IFTTT

No comments:

Post a Comment