Abasirikare 2 Barishwe na Boko Haram muri Nijeriya

Abasirikare babiri ba Nijeriya bishwe abandi bane barakomereka mu mutego w’abarwanyi b’umurwi Boko Haram mu ntara ya Borno, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ivyo vyatangajwe n’igisirikare kur'uy wa kabiri. Ico gitero cabaye ku musi wa mbere mu gihe abasirikare bariko baja mu gisagara Damboa bavuye mu gisagara ca Biu. Intara ya Borno irageramiwe n’umugumuko w’intagondwa z’Abayisilamu umaze guhitana abantu ibihumbi mirongo ibiri, abandi barenga imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana atandatu barava mu zabo kuva mu mwaka w’i 2009. Abategetsi b’igisirikare ca Reta batangaza ko abasirikare baguye mu mutego w’umurwi Boko Haram igihe bari bagiye mu gisagara ca Damboa bavuye mu gisagara ca Biu. Bamenyesha ko igisirikare carwanije abagira iterabwoba bo mu murwi Boko Haram, gitakaza abantu babiri. Bamenyesha kandi ko imodoka y’igisirikare yafashwe mur’ico gitero. Mu ndwi iheze abarwanyi b’umurwi Boko Haram baragize igitero kw’ishule y’abigeme ya Dapchi, mu ntara ya Yobe. Banyuruje abanyeshule b’abigeme ijana.

from Voice of America http://ift.tt/2BV9tDt
via IFTTT

No comments:

Post a Comment