Erdogan Arabandanya Akomeza Ubucuti na Afrika

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan kuva kur’uyu wa mbere yaratanguye urugendo muri Algeriya, aho yongeye kugendera umugabane w'Afrika.  Azogendera kandi ibindi bihugu bitatu vyo kur’uyo mugabane, ari vyo Mauritaniya, Senegal ma Mali. Perezida wa Turukiya yaherekejwe n’abashikiranganji batari bake ba reta yiwe hamwe n’abagwizatunga. Yavuze ko azoganira n’abategetsi ba Algeriya ku migenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri, cane cane mu gisata c’amasoko ntanganguvu hamwe no ku bibazo biri mur'ako karere. Bubaye ubugira gatatu Erodgan agendera Algeriya, azova mur'ico gihugu yerekeza muri Mauritaniya na Mali. Kuva ashika ku butegetsi, mu mwaka w’2003, Erdogan yarakomeje imigenderanire hagati ya Turukiya n’umugabane w’Afrika aho yongereje ambasade z’igihugu ciwe kur'uwo mugabane, ndetse n’imihora ya Kompanyi y’indege Turkish Airlines irongerezwa.

from Voice of America http://ift.tt/2EVacD7
via IFTTT

No comments:

Post a Comment