Perezida Zuma Ashobora Gukurikiranwa n'Ubutungane

Abashikirizamanza b’igihugu muri Afrika y’epfo bavuze, uno musi ku wa mbere, ko bazoshikiriza mu kwezi kuza ingingo ku vyuko niba bazokwirikirana canke batazokwirikirana imbere y’amategeko Jacob Zuma yahoze ari Prezida ku vyerekeye ruswa. Zuma ashobora gucirwa umunyororo ku bwoko bw’ivyagirizo 18 ku mafaranga yaronse ku masezerano yerekeye ibirwanisho imbere y'uko aba perezida. Umuvugizi w’ibiro vy’abashikirizamanza b’igihugu, Luvuyo Mfaku yamenyesheje ko ingingo yamaze gufatwa, yamara ko bazoyitangaza mu misi cumi n’ine iri imbere. Atangaza ko inyuma y’indwi zibiri, ibiro vy’abashikirizamanza b’igihugu bizomenyesha Zuma mu rwandiko imbere yuko batangaza ku mugaragaro ingingo bazoba bafashe. Zuma yagirijwe ubwa mbere ku bijanye na ruswa mu mwaka w’i 2005. Abashikirizamanza barahevye ivyo vyagirizo mu mwaka w’i 2009. Ivyo vyahaye akaryo Zuma ko kuba Perezida. Yamara ivyo vyaha vyarasubijweho haheze imyaka ibiri. Mu mwaka w’i 2016, sentare nkuru yo mu gisagara ca Pretoria yategetse ko ivyo vyaha bisubizwaho. Yamara Zuma yarabirwanije gushika aho atsindiwe muri sentare nkuru yungururizwamwo imanza mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze w’i 2017.

from Voice of America http://ift.tt/2EVzmWA
via IFTTT

No comments:

Post a Comment