Siriya: Agahengwe Kasabwe na ONU Ntikubahirijwe

Intambara zarongeye kwaduka ku musi w’Imana hafi y’umurwa mukuru Damas muri Siriya n'aho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari ryemeje guhagarika intambara mu kiringo c’imisi 30 kugira abatabara hamwe n’abaganga bashobore kwinjira mur’iyo ntara. Ishirahamwe ryo muri Siriya ryishinze gukurikirana ivy’agateka ka zina muntu ryatangaje ko umwana umwe yishwe abandi barenga 12 bagira ibibazo vyo guhema inyuma y’aho ibikekwa kuba ivyuka vya Clorine vyoba vyaratewe mu gace ko mu buseruko bwa Ghouta hafi y’umurwa mukuru Damas. Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi yavuze ko abarongoye imirwi yitwaje ibirwanisho bariko barategura gusotora bakoresheje ivyuka vyica kugira bace bavyegeka ku butegetsi bwa Siriya. Abantu 9 bishwe abandi 31 barakomereka mu micungararo y’umurwa mukuru, igitigiri gica gishikana ku barenga 500 bishwe mu ndwi iheze. Intambara ariko zisa n’izagabanutse inyuma y’aho ONU ifatiye ingingo yo guhagarika imirwano. Ibitero vyavuye mu mihana y’abantu bitandukira ku guhangana hagati y'abasirikare ba reta n’abayirwanya. Umusirikare wa Irani w’ipete rya Jenerali Mohammad Baqeri yavuze ko igihugu ciwe gisanzwe gifasha Perezida Bashar al-Assad, citeguye kwubahiriza ako gahengwe ariko yongera ko imihana yo mu micungararo ya Damas iri mu minwe y’abakora iterabwoba itegwa n’iyo ngingo ya ONU.

from Voice of America http://ift.tt/2sRcWA7
via IFTTT

No comments:

Post a Comment