Perezida Trump Arabonana na ba Guverineri b'Amerika

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika atangaza ko agiye kuganira ku bwicanyi bwabereye kw’ishure ryisumbuye muri Reta ya Florida na ba buramatari b’ama reta yose y’Amerika. Trump avuga ko ubwo bwicanyi butagira izina bwahitanye ubuzima bw'abanyeshure 17 n’abigisha, kiza mu vya mbere baganira mu mubonano utegekanijwe kur’uyu wa mbere ku biro vyiwe, White House. Abo ba buramatari hamwe n’abatambukanyi babo bashitse i Washington ku mugoroba wo kur’uyu w’Imana.

from Voice of America http://ift.tt/2oo7wba
via IFTTT

No comments:

Post a Comment