Nijeriya: Reta Yemeje ko Abakobwa 110 Banyurujwe

Inyuma y’imisi itandatu y’igifungu no kwivuguruza kw’inyuruzwa ry’abakobwa 110 bo kw’ishure rya reta riri mu kigwati ca Dapchi, giherereye mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, Reta y’ico gihugu yatangaje ko abo bakobwa bose banyurujwe. Ubushikiranganji bujejwe gutanga amakuru muri Nijeriya, mw’itangazo ryabwo ryo kuri uno wa Mungu, bwavuze ko bwemeje ayo makuru bufatiye ku bitigiri bukura mu bavyeyi batazi irengero ry’abana babo. Abo bakobwa vyatanguye kunugwanugwa ko boba banyurujwe, inyuma y’igitero cakozwe kw’ishure ryabo n’abarwanyi bikekwa ko ari abo mu muhari w’iterwabwoba Boko Haram. Abategetsi bo mu nzego z’umutekano, mu gisagara ca Yobe kirimwo ishure ry’abo bigeme, bagiye barivuguruza kuri ico kibazo: Ku musi wa gatatu igisirikare ca Nijeriya cari cavuze ko carokoye abakobwa 76.        

from Voice of America http://ift.tt/2owNmuH
via IFTTT

No comments:

Post a Comment