Kongo: Babiri Baguye mu Myiyerekano yo Kwiyamiriza Perezida Kabila

Abantu Babiri nibo Bamaze kumenyekana ko baguye mu myiyerekano yatunganijwe n’Abakatolika igamije kwiyamiriza ukuguma ku butegetsi kwa Perezida wa Kongo Jospeh Kabila. Amakuru atangwa n’ibitaro vyajanywemwo abakomerekeye muri iyo myiyerekano yemeza ko kuva sa moya z’igitondo, abaganga bari bamaze kwakira abakomerekejwe n’amasasu ya Polisi batatu. Imyiyerekano yo kuri uno wa Mungu, yari yatumweko n’urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe agwiriyemwo Abakatolika bize, yabaye mu bisagara bitandukanye harimwo ibikomakomeye nka Kinshasa na Kisangani. Abari muri yo, bavuga  ko Perezida kabila ategerezwa gukinjura kuko manda zibiri yararekuriwe n’amategeko zaheze mu mwaka wa 2016. Amatora  muri Kongo, ategekanijwe kw’itariki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka. Gushika ubu, Perezida Kabila ntaravuga nimba azosubira kwitoza canke atazokwitoza.            

from Voice of America http://ift.tt/2FulzTG
via IFTTT

No comments:

Post a Comment