Chine: Umugambwe Uri ku Butegetsi Usaba Izindi Manda za Perezida

Urwego nyobozi rw’umugambwe uri ku butegetsi mu bushinwa, rwasavye ko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa mu ntumbero yo kongereza ikiringo umukuru w’igihugu na visi Perezida wiwe bamara ku butegetsi. Ibwirizwa nshingiro ry’Ubushinwa, rivuga ko umukuru w’igihugu n’icegera ciwe badashobora kurenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu. Bitegekanijwe ko manda zibiri za Perezida Xi Jinping, ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2013, zihera mu 2023. Ariko ari nkahamwe ibwirizwa nshingiro ryohinyanyurwa, yoba afise uburenganzira bwo kongera kwitoza inyumay’umwaka y’umwaka w’ 2023.  

from Voice of America http://ift.tt/2GGJ6QU
via IFTTT

No comments:

Post a Comment