Burundi: CENI Izakoresha Ubuhinga Ngarukana-bumenyi mu Matora

Kw’igenekerezo rya 22 kuno kwezi kwa kabiri ni ho iryo yandikwa ry’abiyandikishije kugira bazitabe amatora ryatangura mu murwi CENI. Ico gikorwa kiriko gikoreshwa hakoreshejwe amamashini nyabwonko. Ni inyuma y’aho iyandikwa ku rwego rw’igihugu rirangiriye kw’igenekerezo rya 17 kuno kwezi kwa kabiri umwaka wa 2018. Petero Karaveri Ndayicariye arongoye umurwi CENI avuga ingene ico gikorwa cifashe n’imirwi y’abariko barakirangura. Gishasha uno mwaka n’uko ico gikorwa  kiriko kirangurwa n’abahinga mu vyo ingurukana bumenyi b’abarundi. Ni mu gihe mu matora yo mu myaka iheze iryo yandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa kijambere ryahora rihabwa amashirahamwe avuye hanze y’igihugu. Naho biri uko Petero Karaveri Ndayicariye avuga ko ibitabu vy’abiyandikishije mu biro vy’ubuserukizi bw’Uburundi mu makungu bimwe bitarashikanwa i Bujumbura.. Tubibutse ko Abarundi bangana n’imiliyoni zitanu n’amajana indwi na mirongo ine na babiri aribo biyandikishije ku rwego rw’igihugu. Abo nabo ni bo bazitaba amatora yaba ayo ibwirizwa nshingiro mu kwezi kwa gatanu uno mwaka hamwe n’amatora y’inzego zitandukanye mu mwaka wa 2020. Ico gikorwa c’iyandikwa mu mamashini y’umurwi CENI kikazorangira kw’igenekerezo  rya 13 ukwezi kwa gatatu kuza ata gihindutse nk’uko indongozi y’umurwi CENI ibivuga. Umumenyeshamkuru w'Ijwi ry'Amerika Evariste Nzikobanyanka i Bujumbura ni we yateguye iyi nkuru. 

from Voice of America http://ift.tt/2sYEkMs
via IFTTT

No comments:

Post a Comment