RDC: Umumenyeshamakuru Yanyurujwe muri Kivu

Ishirahamwe ryiyemeje kuvugira abamenyeshamakuru, “Journaliste en Danger”, mu mpfunyapfunyo, JED, ryerekanye impungenge uno musi ku wa kabiri kw’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Kubw’iryo shirahamwe, umumenyeshamakuru ayoboye radiyo iri mu ntara ya Rutshuru, yanyurujwe ku musi w’Imana muri iyo ntara ya Kivu yo mu buraruko. Yari atwawe n’uwo bavukana kw’ipikipiki avuye kurondera amakuru igihe yagwa mu mutego w’abagizi ba nabi. Uwo bavukana yarakubiswe, akaba aremvye muri iki gihe. Abanyuruje uwo mumenyeshamakuru bahamagaye uno musi mu gitondo bakoresheje telephone yiwe. Basavye ingwati y’amadolari ibihumbi bitandatu imbere yuko bamurekura. Ishirahamwe rivugira abamenyeshamakuru, JED, risaba abategetsi bo mu ntara ya Kivu yo mu buraruko gukora ibishoboka vyose kugira arekurwe. Akarere ka Rutshuru kari mu bumanuko bw’intara ya Kivu yo mu buraruko kamaze imyaka 20 karangwamwo imirwi yitwaje ibirwanisho yo mu mahanga n’imirwi y’abarwanyi bava muri ako karere. Kunyuruza abantu hagasabwa ingwati kugira barekurwe n’ibintu biba kenshi muri ako karere.  

from Voice of America https://ift.tt/2Nsd1jx
via IFTTT

Abarwanya Ubutegetsi muri Sudani y'Ubumanuko Banse Gusinya Amasezerano y'Amahoro

Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko uyu musi ku wa kabiri banse gutera igikumu ku masezerano na Reta; amasezerano yari gutuma ingwano imaze imyaka n’imyaka irangira. Iyo ngingo irasubije inyuma intambwe zikomeye zari zimaze imisi zikorwa. Perezida Salva Kiir n’umukuru w’umurwi urwanya ubutegetsi, Riek Mashar, barateye igikumu ku masezerano yo kurangiza ingwano mu ntango z’uku kwezi. Yamara Machar hamwe n’uwundi murwi urwanya ubutegetsi yaranse gutera igikumu ku nteguro ya nyuma y’ayo masezerano, ngo kuko impari zerekeye gusangira ubutegetsi hamwe n’ibwirizwa shingiro, bitashizwe mur’iyo nteguro y’amasezerano. Itangazo ryasohowe n’abarwanya ubutegetsi rivuga ko bibabaje kubona abahuza bataserukiye impande zose, bagahitamwo kutitaho ivyo bibazo. Abarwanya ubutegetsi bavuze kandi kw’ivyo bizotuma inzira y’amahoro ihagarara.

from Voice of America https://ift.tt/2PMajqp
via IFTTT

Perezida Trump Yabonanye na Mugenzi we wa Kenya Uhuru

Nyuma yo kwakirwa na Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump muri White House, Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yatangaje ko igihugu cye kigiye kongera imbaraga mu buhahirane hagati y’ibihugu byabo byombi hagashishikarizwa abashoramari bava muri Amerika kuza bashora imari mu gihugu cye. Prezida Uhuru Kenyatta ngo yifuza ko ibyo byakorwa mu gihe impinduka nyinshi ziri kugaragara mu gihe cy’imyaka ine ishize mu gihugu cye cyane cyane mu rwego rw’iterambere ry’ibikorwaremezo, kandi ngo igihugu cye ni nako gikataje mu guhangana n’izindi mbogamizi z’iterambere zirimo ruswa. Indi mbogamizi ikomeye ni ibitero by’umutwe w’iterabwoba wa Al Shabab ukomoka muri Somalia, kandi kuba Kenya yarohereje ingabo zayo muri Somalia mu rwego rwo guhangana n’izo ntagondwa nabyo bitwara Kenya akayabo k’amafaranga atangwa muri icyo gikorwa, ibyo nabyo yemeza ko ari imbogamizi ikomeye ku bukungu bwa Kenya. Kuri ubu, igihugu cya Kenya kiri gukora ku mishanga ibiri ikomeye harimo uwo kubaka umuhanda munini, ifashwamo n’ikompanyi y’abanyamerika, hamwe n’umushinga wo kubaka inzira ya Gariyamoshi ifatanyamo n’Ubushinwa. Ariko ibyo byose ni nako birushaho gushora igihugu cya Kenya ku ngoyi y’umwenda.  

from Voice of America https://ift.tt/2wtzFk6
via IFTTT

Mu Burundi, umurwi w’abasuma urongowe n’abagore bafashwe

Ubushikiranganji bw’umutekano bwerekanye akagwi k’inkozi z’ikibi buvuga ko bari bagisibije mu kwibisha inkoho mu mihana y’igisagara ca Bujumbura.

from BBC Gahuza - Urupapuro rw'itangiriro https://ift.tt/2LARhQu
via IFTTT

Ababuranira Bosco Ntaganda Batanga Imyanzuro Yabo Uno munsi



from Voice of America https://ift.tt/2BX7z6U
via IFTTT