Afurika y'Epfo Yashinze Umushahara Umukozi Abwirizwa Guhembwa

Afurika y'Epfo kuri uno wa kabiri yafashe ingingo y'uko ata mukozi n'umwe ashobora guhembwa amafaranga ari munsi y'ama rand 20 kw’isaha ni ukuvuga idolari n’ibice 39. Perezida Cyril Ramaphosa ariko yitegurira amatora yo mu kwezi kwa gatanu yavuze ko abakozi imiliyoni n'imiliyoni bazoharonkera akoyokwe.  Mu mashirahamwe aserukira abakozi ntibarashobora kwumvikana nimba boshigikira uwo mugambi canke bowiyamiriza. Ni umugambi ushobora kuzorwanywa n'abatavuga rumwe na Reta. Umugambwe uri ku butegetsi muri muri ico gihugu, ANC, wizeye ko iyo ngingo izoshimisha abayoboke bawo baba hagati mu gihugu no mu bice bibamwo abanyagihugu bacumbagira mu vyerekeye ubutunzi. ANC yaratakaje abanywanyi batari bake mu kiringo Perezida Jacob Zuma yamaze ku butegetsi kubera ikibazo c'ibiturire. Ibisagara abanywanyi b'uwo mugambwe bagabanutsemwo ahanini ni Johannesburg na Pretoria. Perezida Ramaphosa yatangaje ingingo y'amafaranga umukoresha adategerezwa kuja munsi mu guhemba umukozi mw'ijambo ryo kwipfuriza abanyagihugu biwe umwaka mushasha wa 2019.    

from Voice of America http://bit.ly/2F0m7Dv
via IFTTT

No comments:

Post a Comment