Magufuli Yasavye EALA Gufasha Gutorera Inyishu Ibibazo vy'Akarere

Perezida wa Tanzaniyta yahamagariye abagize inama nshingamateka y'umuryango w'Afurika y'Ubuseruko gufasha bimwe biboneka kugira indyane za politike zihitana ubuzima bw’abantu mu karere zihere. Perezida John Pombe Magufuli yabishikirije mw'ijambo yavugiye mu nama nshingamateka y’umuryango w’Afrika y’ubuseruko ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yibukije abashingamateka baserukira ibihugu bitandatu bigize umuryango w’Afrika y’ubuseruko ko ari bo babwirizwa kubera abanyagihugu abavugizi kugira ingorane z’umutekano bafise zihere. Perezida Magufuli, ati nta nahamwe mufise muhungira ingorane z’abo muserukira mu karere kose. Yanavuze n’ikibazo c’imigenderanire itifashe neza. “Ni mwe mubwirizwa kuzitorera umuti, hari indyane z’intambara, murahazi namwe ahari intambara zihitana abantu. Ikindi ni ubumwe hagati y’Abanyafrika y’ubuseruko guhera ku bakuru b’ibihugu, abashikiranganji, abashingamateka n’abandi cane cane abanyagihugu batobato.” John Pombe Magufuli yaranavuze ikibazo c’ubutunzi. Yibutsa ko akarere gatunze ariko abanyagihugu batabona inyungu ziva muri ubwo butunzi. Abashingamateka barashimiye umukuru w’igihugu ca Tanzaniya. Na bonyene bemeza ko bafise uruhara rukomeye mu gutora umuti w’ibibazo biri mu karere. Ibikorwa vy’inama nshingamateka vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, biriko bibera I Dodoma, ku mugwa mukuru wa Politike w’ico ghugu. Umukuru w’igihugu yaciye aha umubonano umukuru w’iyo nama nshingamateka Martin Ngoga, kugira bavugane ibindi bibazo bihanze akarere n’ingene vyotorerwa umuti.

from Voice of America https://ift.tt/2JoPQUI
via IFTTT

No comments:

Post a Comment