Abatari Bake Bagonzwe i Toronto, Umushoferi Yafashwe

Igiporisi muri Canada bafashe umushoferi yagonze abantu bariko bagenda n'amaguru mu buraruko bwa Toronto. Amakuru ya mbere yatangajwe avuga ko abantu 10 aribo bagonzwe, umuntu yari aho vyabereye nawe avuga ko yabonye ibiziga bine biryamye hasi. Igiporisi nticatanze ibiranga uwo mushoferi, icatumye akora ivyo canke ko ryoba ari isanganya canke yabikoze ku bushake. Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau yavuze ko umutima wiwe wifatanije n’abashikiwe n’ivyo vyago mugihe hagikorwa amatohoza.

from Voice of America https://ift.tt/2qT3nNo
via IFTTT

No comments:

Post a Comment