USA: Ijambo rya Trump ntiryakiriwe Kumwe

Abashingamateka n’abakenguza mateka bagize Congre ya Amerika bagenda bashikiriza ivyiyumviro vyabo kw’ijambo rya mbere ku banyagihugu, ryaraye rishikirijwe na prezida wa Amerika Donald Trump. Bamwe mu bashingamateka barashima kuba iryo jambo ryaranzwe n’ubumwe, abandi bakipfuza ko Trump yari gushimika cane ku bibazo bihanze igihugu muri iki gihe.    Paul Ryan wo mu mugambwe w’Abarepublikani yashimye iryo jambo rya Trump avuga ku kuba ryaravuze ku bibazo biri hagati mu gihugu nk’ibijanye no gusanura amabarabara, ibiraro n’ayandi matungo ya reta, kimwe n’ibibazo vy’abimukira. Ryan yavuze kandi ko kongre ya Amerika ikwiye gufata nka nkama, bakitaho mu ndwi za vuba ibibazo Trump yashikirije.     Ariko Senateri Chris Coons  wo mu mugambwe w’abademokrate yavuze ko Trump yari akwiye gutomora neza ukwo agiye gukemura ibibazo bijanye no gusanura amabarabara, ibiraro n’ayandi matungo ya reta, n’uburyo azoshira imbere inyungu za Amerika kw’isi, harimwo n’ukuntu agiye kwitaho ikibazo ca Koreya ya ruguru. Senateri Chris avuga ko naho ahinini yashimye ijambo rya Trump, hari ibintu bimwe bimwe bifise akamaro kanini atatomoye neza.     

from Voice of America http://ift.tt/2GAAqw4
via IFTTT

No comments:

Post a Comment