CHAN 2018: Abazokina Final Bamenyekanye

Igihugu ca Maroke, cakiriye ihiganwa rya CHAN 2018 kur’uyu wa gatatu catsinze Libiya ibitsindo 3-1 mu rukino rwabereye mu gisagara ca Casablanca, intsinzi yabonetse ar’uko bongewe uwundi mwanya. Maroke izohura na Nijeriya mu rukino rwa nyuma rwa final ku musi w’Imana mu gisagara ca Casablanca. Maroke yashitse kur'iyo ntambwe inyuma yo gutsinda Libiya mu rukino rwa kabiri rushira urwa nyuma. Mu rundi rukino rwa kabiri rushira urwa nyuma, Nijeriya yatsinze Sudani 1-0 i Marrakech. Ku musi wa gatandatu, Libiya na Sudani bazohiganirwa ikibanza ca gatatu i Marrakech.

from Voice of America http://ift.tt/2rTzKi5
via IFTTT

No comments:

Post a Comment