Afurika yoba Yarababariye Trump?

Abakuru b’ibihugu vya Afrika baza bari baramaze gutegura urwandiko rusaba Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika gusaba imbabazi ku majambo yavuze kur’uyo mugabane no ku bimukira, ariko mu nyuma bahitamwo kubangira. Amakuru ava mu muryango w’ubumwe bw’Afrika avuga ko urwo rwandiko rwateguriwe mu nama y’abo bakuru b’ibihugu mu nama iheruka kubahuza. Urwo rwandiko rwagabisha ruvuga ko amacakubiri ya Trump hamwe n’inyifato yiwe yo kwanka abimukira baturuka mu bindi bihugu bishobora gutosekaza amasezerano Amerika yagiranye na Afrika. Ariko umuryango w’ubumwe bw’Afrika wahisemwo kudasohora urwo rwandiko. Urwo rwandiko kandi rwavuga ku rwete Perezida Trump yanditse kw’itariki ya 25 z’ukwezi kwa mbere avuga ko asonera Afrika kandi rwavuga ko sekreteri wa reta, Rex Tillerson ategekanya kugendera Afrika mu kwezi kwa gatatu. Trump kandi yarabonanye na Perezida Paul Kagame w’u Rwanda mu nama yerekeye ivy’ubutunzi kw’isi yabereye i Davos mu ndwi iheze. Perezida Kagame niwe arongoye umuryango w’ubumwe bw’Afrika. Avuga ko ubumwe bw’Afrika buzorondera uburyo buvugana na Trump. Trump yise Afrika, Haiti n’igihugu ca El Salvador ko ari ibihugu vy’amazirantoke mu nama yari arongoye mu biro White House mu ntango z’ukwezi kwa mbere.

from Voice of America http://ift.tt/2Eq3be5
via IFTTT

No comments:

Post a Comment