Liberiya: Perezida Weah Agiye Kwigabaniriza Umushahara

Umukuru w’igihugu mushasha wa Liberiya George Weah yatangaje kur’uyu wa mbere ko afise umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro, akuremwo agace kavuga ku guha ubwenegihugu ufatiye ku rukoba, yongere yigabanirize umushahara kugeza ku bice 25%. George Weah, yatanguye amabanga yo kurongora Liberiya kw’itariki 22 z’ukwezi kwa mbere, asubirira Ellen Johnson Sirleaf, umukenyezi wa mbere yabaye perezida muri Afurika. Mw’ijambo yashikirije imbere ya sena n’inama nshingamateka, perezida Weah yavuze ko bidakwiye ko haba ivangura rifatiye ku rukoba. Uwo mukuru w’igihugu mushasha yongeye kandi aranegura kubona abanyamahanga batemerewe kugira amatongo, kubwiwe ngo vyatumye batiyumvamwo igihugu. Weah avuga ko atumva igituma abanyamahanga batemererwa kugira ubwenegihugu bubiri mu gihe Abanyaliberiya bahunze mu ntambara yo mu myaka ya 1989-2003 bahawe ubwenegihugu n'ibihugu vyabakiriye.

from Voice of America http://ift.tt/2nidlpZ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment