Abarwanyi 3 b'Abarundi Barishwe mu Buseruko bwa RDC

Igisirikare ca Republika iharanira demokarasi ya Congo catangaje kuri uno musi wa mbere ko cishe abarwanyi batatu b’Abarundi bakeka kuba bariko bariba ibijumbu mu karere k’ubuseruko bwa RDC. Abasirikare ba Congo bari mu bikorwa vya gisirikare muri ako gace. Mw’ijoro ryakeye, abasirikare ba Congo bariko baracungera umutekano w’ako karere batangura gutana mu mitwe n’abarwanyi b’Abarundi b’aba FNL. Lieutenant Masumbuko Petit wo mu gisirikare ca Congo i Kiliba mu buraruko bwa Uvira, yabitangarije intaramakuru y’abafaransa AFP. Iryo tana mu mitwe hagati y’izo mpande zibiri ryabaye mu kigwati c’Irusabagi i Kiliba, hafi y’umupaka wa Congo n’Uburundi.  Lieutenant Masumbuko ati “Abo barwanyi baje bava mu Burundi bajabutse uruzi Rusizi baje kwiba imirima y’abanyagihugu i Kiliba.  Ati mu guhunga bataye inyuma imifuko y’ibijumbu bari bamaze kwiba.  Daniel Ruhanika umukuru w’akarere ka Kiliba, yavute ati: “Ibiziga vy’abo bagabo batatu vyashizwe ahabona ku biro bikuru vy’akarere ka Kiliba hafi ya paruwasi katolika ya Saint Joseph imbere yuko bihambwa. Igisirikare ca Congo gikunze kugira ibikorwa vyo gucungera umutekano w’ako karere kazwi kuba karimwo imirwi itandukanye y’abarwanyi muri iyi myaka 20 iheze.  

from Voice of America http://ift.tt/2FpoNqc
via IFTTT

No comments:

Post a Comment