Reta ya Somaliya ishikiriza ko yiteguye kurungika abasirikare muri Sudani y’ubumanuko gufasha mu bijanye n’umutekano no gutsimbataza amahoro. Ivyo bishikirijwe haheze imisi ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bigize umuryango w'iterambere ry'ibihugu vyo muri Afrika y'ubuseruko, IGAD rivuze ko ibihugu nka Somaliya, Uganda, Sudani na Djibuti vyemerewe kuja gufashanya n’umurwi w’abasirikare ba Sudani y’ubumanuko kubungabunga amahoro. Ivyo ni mu gihe kandi hari abibaza nimba reta ya Somaliya izobishobora kandi nayo igihanzwe n’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab. Icegera c’umushikiranganji wa Somaliya ajejwe inyigisho, Abdirahman Jabir, yavuze ko igihugu ciwe citeguye gufasha muri Sudani y’ubumanuko kuko ngo n'Uburundi bwarafashije Somaliya kubungabunga umutekano kandi bwari mu bibazo vy'umutekano muke. Inteko za ONU ibihumbi 17 ziri muri Sudani y’ubumanuko zijejwe gukingira abasivile, guca umuhora imfashanyo zicamwo hamwe no gutohoza abahungabanya agateka kazina muntu. Reta ya Sudani y’ubumanuko hamwe n’imihari iyirwanya baheruka gutera imikono ku masezerano y’amahoro mu ndwi iheze agamije kurangiza burundu intambara imaze imyaka itanu.
from Voice of America https://ift.tt/2pobYa0
via IFTTT
No comments:
Post a Comment