USA Yiyemeje Gufasha Kurondera Amafaranga Yibwe muri Liberiya

Abanyagihugu baharurwa mu majana ejo ku musi wa mbere barihereje amabarabara yo ku murwa mukuru wa Liberiya Monrovia basaba reta gutanguza amatohoza kw'irengero ry’amamiliyoni y’amadolari yazimiye acinjira gihugu. Umushikiranganji wa Liberiya wo kumenyesha amakuru, Eugene Nagbe yashikirije mu ndwi iheze ko ayo mafaranga ashika imiliyoni 100 z’amadolari, yakoreshejwe n’ibanki nkuru y’igihugu mu bihugu vy’Ubushinwa n’Ubusuwisi, yabuzwe irengero agishika ku bivuko bibiri bikomeye vy’igihugu hagati y’ukwezi kwa cumi na kumwe 2017 n’ukwezi kw’umunani 2018. Abantu 15 barabujijwe gusohoka hanze y’igihugu, barimwo Charles Sirleaf, umuhungu w’uwahoze ari umukuru w’igihugu, n’icegera c’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu wo kuri iyi reta ya George Weah. Reta ya Liberiya yasavye Reta zunze ubumwe z’Amerika ndetse n’ikigega mpuzamakungu FMI kubafasha kurondera aho ayo mafaranga yazimiriye.

from Voice of America https://ift.tt/2pzNaMj
via IFTTT

No comments:

Post a Comment