Sentare yungururizwamwo imanza yo mu gisagara ca Copenhague, mu gihugu ca Norvege, yafashe ingingo uno musi ku wa gatanu ko Wenceslas Twagirayezu, ashobora kurungikwa mu gihugu ciwe c’amavuko c’u Rwanda. Uyu mugabo afise ubwenegihugu bwa Norvege, yikekwa ko yakoze ivyaha vy’agahomerabunwa mu mwaka w’i 1994 mu Rwanda. Bikekwa ko ubwo bwicanyi bwabereye mw’isengero no kw’ishule kaminuza aho abantu barenga 1000 bishwe. Twagirayezu, afise imyaka 49 muri iki gihe, yahagaritswe mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 2017. Yaronse ubwenegihugu bwa Norgeve mu mwaka w’i 2014. Kugeza ubu, yarahakanye ivyaha yagirizwa. Ivy’uko Twagirayezu azokwunguruza ingingo ya sentare yungururizwamwo imanza yo mu gisagara ca Copenhagen ntivyari bitomoye buno nyene. Ahubwo yatangaje ko ni yo yarungikwa mu Rwanda, azokwakira ko igihe ciwe c’ugupfa kigeze.
from Voice of America https://ift.tt/2DmCRoy
via IFTTT
No comments:
Post a Comment