Abashika 44 Bapfuye mw'Isanganya ry'Ubwato muri Tanzaniya

Abantu bashika kuri 44 barapfiriye mu mazi inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu kiyaga Victoria muri Tanzaniya kur’uyu wa kane ku muhingamo. Abategetsi ba tanzaniya bavuze ko biteze ko ibitigiri vy’abapfuye bizokwiyongera mu gihe bategekanya kuri uyu wa gatanu mu gitondo gusubira mu mazi kurondera aboba bagihema. Komiseri w’ako karere John Mongella yavuze ko abantu 37 barokowe ariko ko bamwe muri bo baremvye cane, ariko ntiyavuze abari mur’ubwo bwato uko bari bangana. Iyi mpanuka ibaye mu gihe mu mwaka w’2011, abantu 200 aribo bamenyekanye ko bapfuye igihe ubwato barimwo bwibira mu mazi hafi y’izinga rya Zanzibar, abarenga 1,000 baraburwa irengero. Amakuru ava muri reta ya Tanzaniya avuga ko no mu mwaka w’1996, abantu 894 bapfuye igihe ubwato barimwo bwazama nk'uko mu mazi.

from Voice of America https://ift.tt/2Dex6ci
via IFTTT

No comments:

Post a Comment