Reta ya Trump irashimira igihugu ca Turukiya kubona caragabanije igipfungo c’umushakashatsi w’ikigo NASA c’ibigendajuru, ariko Amerika iracasaba irekurwa ryiwe. Turukiya yaciriye Serkan Golge igipfungo c’imyaka irenga indwi mu kwezi kwa kabiri imwagiriza kuba afitaniye imigenderanire n’umunyedini Fethullah Gulen, ari muri Amerika, uwo Turukiya yagiriza kuba ariwe yashatse gutembagaza ubutegetsi muri 2016. Sentare yo mu gisagara ca Adana ku musi wa gatatu yagabanije igipfungo ciwe gushika ku myaka itanu yongera imukurako icaha co gukorana n’umurwi w’iterabwoba. Golge ni umushakashatsi w’ikigo c’Amerika kigenzura ibigendajuru NASA. We n’umuryango wiwe bariko baragendera Turukiya, igihugu ciwe c’amavuko muri 2016 igihe haba gushaka gutembagaza ubutegetsi. Yafatiwe mu kivunga c’abandi benshi baharurwa mu bihumbi bagirijwe kugira uruhara rwo gushaka kwigarurira ubutegetsi. Golge aremeza ko ari umwere ndetse umukenyezi wiwe akavuga ko yahowe kuba afise ubwenegihugu bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika.
from Voice of America https://ift.tt/2NpoMeB
via IFTTT
No comments:
Post a Comment