Inteko z’ihugu ca Uganda zaratesheje umugambi w’igihugu ca Kenya wo kwigarurira izinga rya Migingo, riri mu kiyaga Victoria. Amatati hagati ya Kenya na Uganda ku vyerekeye iryo zinga amaze imyaka igera 10. Izinga rya Migingo riri musi y’ihegitari mu bunini. Abarovyi bo mu bihugu vya Kenya, Uganda na Tanzaniya, baba kur’iryo zinga rikikujwe n’amazi yuzuye ifi zituruka mu ruzi Nil. Kuroba n’umurimo uzana amafaranga kandi n’igikorwa gifise uruhara rukomeye mu butunzi mu ntara zegereye ikiyaga Victoria zo mu bihugu vya Kenya, Uganda na Tanzaniya. Amakuru y’uko abategesti b’igihugu ca Uganda batoteje abanyakenya mu ndwi irangiye, vyatumye abategetsi ba Kenya barondera gutorera inyishu amatati amaze imyaka cumi ku gihugu izinga rya Migingo ryoba ryegukira. Gideon Ochanga, yari mu murwi w’abashingamateka b’igihugu ca Kenya bagiye mu gihugu ca Uganda mu ntango z’iyi ndwi gutohoza amatati ahagaze kur’iryo zinga. N’ inyuma y’uko abarovyi bo muri Kenya bavuze kw’ abategetsi ba Uganda bariko barabatoteza. Ochanda aremeza ikibazo kiri hagati ya Kenya na Uganda. Avuga kw’ abasirikare ba Uganda bakorera mu kiyaga Voctoria bacitse abanyoni. Avuga ko bafata bunyamaswa abarovyi badashoboye kubahera amafaranga. Abasirikare ba Uganda baratujije abarovyi bo mu gihugu ca Tanzaniya mw’izinga rya Migingo mu kwezi kwa gatandatu. Mu mpera z’ukwezi kurangiye, abarovyi bariyamirije ingingo y’igihugu ca Uganda y’ukwugara ishule ry’abana bakiri bato ryonyene ryari kw’izinga rya Migingo. Mu ndwi iheze, ababa mu mazinga ya Bukooli, basavye igihugu ca Uganda gukura abasirikare baco mu kiyaga Victoria hafi y’ayo mazinga. Bagziriza abo basirikare gutoteza n’ugufata bunyamaswa abanyakenya bajabuka n’ubwato mu mazi y’ikiyaga Victoria. Bashikirije ikirego cabo umukuru w’inama nshingamateka ya Uganda, Rebecca Kadaga, mu nama yari yitabwe kandi n’abandi bashingamateka bo mu gihugu ca Kenya. Rebecca aremeza ko baronse ikirego ku bintu bitari bike, birimwo kw’ abasirikare bacungera imbibe zo mu mazi ba Uganda binjira mu mazi y’igihugu ca Kenya, bagakubita abanyakenya bari mu gice c’ikiyaga Victoria cegukira Kenya. Abanyakenya basaba kw’ imbibe mu mazi y’ikiyaga Victoria zitunganywa ku buryo bugaragara. Yamara ico kibazo ntikiraganirwa mu nama nshingamateka. Mu kurindira, Ibihugu vyompi vya Uganda na Kenya bibandanya kwiyitirira izinga rya Migingo.
from Voice of America https://ift.tt/2prpObw
via IFTTT
No comments:
Post a Comment