Abategetsi b’urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ejo kuwa gatatu barasohote urutonde rw’abakandida bemerewe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kabiri. Mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bakomeye bemerewe ni Felix Tshisekedi na Vital Kamerhe. Uwundi ni Emmanuel Ramazani Shadary, yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ashigikiwe na Perezida Joseph Kabila. Abakuwemwo b’ijunja mu batavuga rumwe n’ubutegetsi ni Jean-Pierre Bemba na Moise Katumbi, ivyatumye haba imyiyerekano ku ruhande rw’abanywanyi babo babashigikiye. Igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo cahoze citwa Zaire, ntikirigera kibona ukubisikanya mu mahoro mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuva kironka intahe yo kwikukira mu mwaka w’1960.
from Voice of America https://ift.tt/2MMwRVt
via IFTTT
No comments:
Post a Comment