Inyuma yaho inama nshingamateka na nkenguzamateka vyemeje abagiye kugira umurwi mushasha utegura amatora mu Burundi, CENI, umukuru w’igihugu kuri uno wa gatanu yarateye igikumu kw’itegeko rigena mu mabanga abantu indwi bari muri uwo murwi. Dr Pierre Claver Kazihise, umuhutu wo mw’ishirahamwe ACOPA Burundi akaba anarongoye ishure rya kaminuza ry’ubuganga INSP, yagenywe mu kibanza c’umukuru wa CENI. Icegera c’uwurongoye CENI izotegura amatora mu 2020 ni Madamu Annonciate Niyonkuru, umututsikazi wo mu ntara ya Kayanza Umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Reta, Philippe Nzobonariba, umuhutu akomoka mu ntara ya Muramvya nawe yagenywe nka Commissaire ajejwe inyigisho z’ibijanye n’amatora n’umuvugizi wa CENI. Jean Anastase Hicuburundi, wo mu bwoko bw’abahutu muri CENI nshasha ajejwe ivy’ubuhinga bwa none “Informatique” no kubungabunga ivyuma bikoreshwa mu matora. Umushikiranganji ajejwe ugutumatumanako amakuru n’ibimenyeshamakuru Serges Ndayiragije, umututsi wo mu runani amizero y’Abarundi nawe yagenywe mu kibanza ca commissaire ajejwe ubutunzi. Madamu Hyacinthe Niyonzima umututsikazi wo mu mugambwe UPRONA, muri CENI nshasha ajejwe igisata c’ amategeko n’amatati ashobora kwaduka mu matora. Marguerite Kamana, umuhutukazi wo mu ntara ya Kayanza ajejwe kurondera ibikoresho n’ivyankenerwa vyose vyo mu matora. Ku wagatatu aho inama nshingamateka na nkenguzamateka vyemeza uwo murwi, urunani abashingamateka bari mu rurani Amizero y’Abarundi rwashimye gukinjura muri Ivyo bikorwa. Pierre Celestin Ndikumumana aramutswa umurwi w’abashingamateka bo mu runani Amizero y’Abarundi yabwiye ijwi ry’Amerika ko muvyatumye bakinjura, harimwo ko batigeze bagishwa inama mu gutanga izina ry’uwubaserukira, n’ukuba bahawe ibibanza basigura ko bidakwiye muri CENI.
from Voice of America https://ift.tt/2Prap5Q
via IFTTT
No comments:
Post a Comment