Somaliya: Abagabo 5 Bagirijwe Igitero c'Iterabwoba Cahitanye 512

Ubutungane bwa Somaliya bwagirije abagabo 5 kuba bagize uruhara mu gitero c’iterabwoba c’imodoka yo mu bwoko bwa kamyo yar’itezwemwo bombe ihitana abantu 512 i Mogadishu kw’itariki ya 14 y’ukwezi kwa cumi, umwaka wa 2017. Bane mur’abo barengutse imbere y’ubutungane basanzwe bari mu minwe ya reta kandi baburanishijwe na sentare ya gisirikare i Mogadishu kur’uyu wa mbere mu gihe uwugira gatanu akironderwa. Abategetsi ba Somaliya bavuze ko badakekeranya umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab niwo uri inyuma y’ico gitero, naho utaciyitiriye.   Al-Shabab waragavye ibitero vy’ubwihevyi bitari bike ukoresheje imodokari, ibindi biterwa n’abari ku maguru mu mahoteri, mu nzu z’uburiro hamwe no mu bindi bibanza bihurumbirwa n’abantu benshi I Mogadishu ku murwa mukuru.  

from Voice of America http://ift.tt/2C9jytA
via IFTTT

No comments:

Post a Comment