Bobi Wine Ari mu Nzira Atahuka muri Uganda

Inyuma y'iminsi yari amaze ariko yivuza  muri Amerika, umushingamateka atavuga rumwe na Reta ya  Uganda, Bobi Wine, kuri uno wa kane  vyitezwe ko ariho azoshika mu gihugu ciwe. Bobi Wine yari amaze iminsi yivuza ibikomere vyavuye ku gufatwa bunyamaswa n'abakorera inzego zijejwe umutekano, aho yamara imisi mu minwe yabo bamusambisha ku vyaha yagirizwa vyo guhemukira igihugu.  Abategetsi ba Uganda bavuze ko bazorungika aba Polisi bamutegera ku kibuga c'indege bakongera bakamuherekeza kugera ku muhana wiwe mu ntumbero yo gukingira umutekano wiwe. Yamara, polisi yagabishije abategekanya gukora imyiyerekano ko itemewe co kimwe n'amakoraniro, yongera itomora ko abarekuriwe kuza kumutegera ari umuryango wiwe wa hafi gusa. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter aho yari ageze i Amsterdam mu Buholande, Bobi Wine yagarutse kuri ayo majambo ya Polisi  yibutsa ko ari Umuganda, afise uburenganzira bwo kuja aho ashaka no gutegerwa n'abavyipfuza.  Ntibiramenyekana ryari umushingamateka Kyagulanyi Ssentamu, yamenyekanye nk'umuririmvyi kw'izina rya Bobi Wine azosubira kuburana ku vyaha yagirizwa. Gusa, azoburana yidegemvya inyuma yaho yemereye kuriha ingwati asabwa.      

from Voice of America https://ift.tt/2QKm2qi
via IFTTT

No comments:

Post a Comment