Inama Yihutirwa y'Ishirahamwe rya Bulaya Izotangura ku wa Kane i Buruseri

Ishirahamwe rya Bulaya ririko rirategura inama yihutirwa y’imisi ibiri, izotangura ku musi wa kane I Buruseri mu gihugu c’Ububirigi, mur’iki gihe imigambi y’ivyo bihugu yerekeye abimukira ishobora gutuma iryo shirahamwe risambuka. Imigambi itandukanye kur’ico kibazo yibonekeje uyu musi ku wa kabiri igihe ubwato butwara ibidandazwa, burokoroye abantu 100 b’abimukira ku nkengera y’ibahari y’igihugu ca Libiya, mu nyuma bugahabwa uburenganzira bwo gushika ku kivuko co mu gisagara ca Sicili citwa Pozzalo, bwari bumaze imisi ine, mukiyaga, kuko mu ntango, igihugu c’Ubutaliyano cari cabwankiye gushikana abo bantu ku kivuko. Umukuru w’igisagara ca Pozzallo, Roberto Ammatuna, yabwiye abamenyeshamakuru ko yisabiye ubwiwe reta y’Ubutaliyano gufasha. Matteo Salvini, n’umushikiranganji w’igihugu c’Ubutaliyano ajejwe intwaro yo hagati, ari nawe arongoye umugambwe w’intagondwa, uri mu runani rwo mu bihugu vy’ibulaya bishira imbere imigambi yo gukomeza amategeko agenga abimukira. Mu ndwi iheze, yaragendeye igihugu ca Libya, kugira aaygei n’abategetsi b’ico gihugu,yongere abumvishe ingingo igihugu ca Libya cafahe yo kuzibira ubwato butwaye abimukira hamwe no kutarokora abantu baburimwo, hamwe no gushinga ibibanza abimukira bohora bashikiramwo mu ntara ya Afrika. Igihugu ca Libya caranse umugambi wo kwakira ibibanza nk’ivyo ku butaka bwaco. Ingingo ikabije igihugu c’Ubutaliyano cafatiye abimukira, ishobora kugeramira ishirahamwe rya Bulaya nk’uko Heather Grabbe, umuyobozi w’ishirahamwe rishira imbere kwakira abimukira, ryitwa, Open Society Policy Institute, abivuga.      

from Voice of America https://ift.tt/2Kn8Hnm
via IFTTT

No comments:

Post a Comment