Ibisasu 2 vya Rokete vya Israeli Vyatewe Hafi y’Ikibanza c’Indege i Damas.

Ikinyamakuru ca Reta ya Syria catangaje amakuru avuga kw’uyu musi ku wa kabiri, ibisasu bibiri vya rokete vy’igihugu ca Israeli, vyatewe hafi y’ikibanza c’indege ku murwa mukuru Damas. Ibiro bijejwe gutangaza amakuru SANA bivuga kw’iyo nkuru yatangajwe, itavuze ivyononekaye, mu gihe igihugu ca Israeli coco catangaje ko carashe kubera abagwanya ubutegetsi mu bumanuko bw’igihugu ca Syria, batakaje ibitari mu misi iheze. Ishirahamwe rigenduza agateka ka zina muntu mu gihugu ca Syria rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza, ryatangaje kw’ivyo bisasu vya rokete, vyatewe mu kibanza kibikwamwo ibigwanisho bikoreshwa n’imirwi yitwaje ibigwanisho, ikorana na reta ya Syria. Iighugu ca Israeli kiramaze gukora ibitero vy’indege akatari gake mur’iyo ngwano yo mu gihugu ca Syria. Kenshi na kenshi ivyo bitero, ngobifise umugambi wo guhagarika uruja n’uruza rw’ibigwanisho birungikirwa umurwi Hezbolla mu gihugu ca Libani, ushigikiwe n’igihugu ca Irani. Ivyo bitero ngo bifise rero umugambi wo kubuza igihugu ca Irani gushinga imizi mu gihugu ca Syria, ngo kuko vyogeramira umutekano w’igihugu ca Israeli..  

from Voice of America https://ift.tt/2Itt4Kw
via IFTTT

No comments:

Post a Comment