Uburundi Bwashikirije Kongo Abarwanyi ba Mai Mai

Amakuru Ijwi ry'Amerika rikesha inzego zishinzwe umutekano muri Kongo yemeza ko ku mugoroba w'uno wa gatatu, ariho Leta y'Uburundi yashikiriza Leta ya Kongo abarwanyi ba Mai Mai 34 bari bamaze imisi barahungiye mu ntara ya Rumonge  mu Burundi.  Mu barwanyi batanzwe, harimwo Major  Ekanda  Saidi  Dragila, icegera ca William Amuri Yakutumba ari kw' isonga rya Mai Mai ishyamyi rirwanira mu mazi. Inzego zishinzwe  umutekano mu karere ka Luvunge aho abo barwanyi 34  bafungiwe, zihamya yuko hari abandi barwanyi babiri basigaye  mu Burundi aho bariko bavurirwa mu bitaro byo mu ntara ya  Rumonge.  Abarwanyi ba Mai Mai binjiye ku gataka k' Uburundi mu mpera z'indwi iheze inyuma yaho ingabo za  Leta  ya Kongo  zirasiye  ibirindiro byizo nyeshyamba byari ku kirwa cy’ubwari.  Intambara zimaze  iminsi  mu karere  ka Fizi hagati ya FARDC na Mai Mai  zatumye  abarenga ibihumbi indwi  bahungira  mu gihugu cy’ Uburundi  na Tanzaniya.  

from Voice of America http://ift.tt/2s0IDWZ
via IFTTT

No comments:

Post a Comment