Ubufaransa: Abimukira b'i Calais Batanye mu Mitwe

Ugutana mu mitwe gukomeye kwabaye hagati y’abimukira bamuka muri Afrika hamwe n’abamuka muri Afuganistani kur’uyu wa kane mu karere ka Calais, mu buraruko bw’Ubufaransa kwakomerekeje 18, bane muri bo bakomerekejwe n’amasasu kandi bari hagati yo gupfa ni gukira, nkuko amakuru yo kwizigira abivuga. Umwimukira agira gatanu bivugwa ko aremvye cane n’abategetsi bo mur’ako karere karimwo abimukira baharurwa mu majana bafise ivyizigiro vyo kuzojabukira mu mpisho mu Bwongereza. Ugutana mu mitwe nk’uko guheruka kw'itariki ya 25 z’ukwezi kwa cumi na kumwe 2017, igihe imirwi ibiri y’abimukira bamuka muri Afughanistani yarasana bafise ivyo bapfa hagati yabo. Amashirahamwe avuga ko abimukira bashika 800 aribo baba i Calais mur’iki gihe, mu gihe abategetsi b'aho bo bavuga ko abahaba bari hagati ya 550 na 600.

from Voice of America http://ift.tt/2FC2LRs
via IFTTT

No comments:

Post a Comment