Nijeriya: Abaguye mu Mishamirano y'Aborozi n'Abarimyi Bageze ku 200

Buramatari w’intara ya Plateau iri hagati mu gihugu ca Nijeriya, Simon Lalong, yavuze ko ibitigiri vy'abaguye mu mishamirano yo mu mpera z'indwi iheze hagati y’aborozi b’abayislamu n’abarimyi b’abakiristu kigeze ku 200.  Abategetsi bari batangaje ku wa mbere ko abaguye muri iyo mishamirano yavuye ku mpari z'ubutaka hagati y'aborozi n'abarimyi ari 86.  Ubwicanyi bufatiye ku mpari z'ubutaka bumaze igihe buvugwa muri Nijeriya buza ku murongo umwe n'ubukorwa na Boko Haram mu bwicanyi bumaze guhitana abanyagihugu benshi ba Nijeriya.  Mu gihe perezia Mohammadu Buhari aramutswa Nijeriya ariko arondera gusubira kwitoza mu matora yo mu mwaka uza, ubu bwicanyi bushobora ku mukororera amanota: Imbere y'ugushikira ubutegetsi mu 2015 yari yemereye abanyagihugu ko azotuza ubwo bwicanyi.  Nijeriya yiciyemwo ibice bifatiye ku ma dini: Abayislamu babeshejweho n'ukworora  bagwiriye mu buraruko bw’igihugu mu gihe abakirisu babeshejweho no kurima  bagwiriye mu bumanuko.  

from Voice of America https://ift.tt/2N6a5Jk
via IFTTT

No comments:

Post a Comment