Ibiganiro Hagati ya Reta muri Sudani y'Ubumanuko n'Abayirwanya

Ku ncuro ya mbere kuva mu 2016, Perezida wa Sudani y’ubumanuko, Salva Kiir hamwe n’umukuru w’abarwanyi, Riek Machar bazobonana amaso mu yandi  kuri uno wa gatatu mu biganiro bizobahuriza  i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya.  Ivyo biganiro bigamije kurangiza  ingwano imaze imyaka 5 muri ico gihugu bibaye inyuma y'indwi imwe impande zose nzerwa navyo zitangaje ko zakiriye neza ubutumire bw’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya azobahuza. Umuvugizi wa Reta ya Sudani y'ubumanuko, Ateny Wek Ateny, yavuze ko ubwo butumire ari ikintu ciza. Yamenyesheje ko inzira yose igamisha ku mahoro arama ya Sudani y'ubumanuko yakirizwa yompi.  Ingwano imaze imyaka itanu muri Sudani y'ubumanuko iamze guhitana ibihumbi n'ibihumbi yongera yangaza abatari bake bahunze igihugu. Impande zose zagiizanya amabi yakorerwe abanyagihugu. 

from Voice of America https://ift.tt/2I4b2hM
via IFTTT

No comments:

Post a Comment