HCR: Ibitigiri vy'Impunzi kw'Isi Bibandanya Kuduga

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR, ritangaza ko abantu imiliyoni 68.6 kw’isi bahunze ingo zabo mu mwaka uheze bitewe n’ingwano, ubwicanyi n’ugutotezwa.  Filippo Grandi arongoye HCR yabwiye abamenyeshamakuru i Geneve mu buswisse ko ibitigiri vy'abahunze mu  2017 biri hejuru cane ugereranije n'ivyabahunze mu 2016. Abenshi mu bahunze nkuko Grandi abisigura bahunze intamabara z'urutavanako zidatorerwa inyishu. Filippo Grandi avuga ko ibitigiri birenga bibiri vya gatatu vy’impunzi kw'isi bigizwe n'abanyagihugu bo muri  Afuganistani, Siriya, Sudani yo mu bumanuko na Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Ni mugihe ku bwa HCR abagera kuri  85 kw’ijana vy’abahunga baturuka mu bihugu bikenye canke bibayabaye mu butunzi.  

from Voice of America https://ift.tt/2MCQLDy
via IFTTT

No comments:

Post a Comment