Amasezerano Hagati ya Reta ya Sudani y'Ubumanuko n'Abayirwanya

Perezida wa Sudani yo mu bumanuko Slava Kirr n’abarwanya ubutegetsi bwiwe bateye igikumu kuri uno wa gatatu  ku masezerano y’uguhagarika ingwano. Vyitezwe ko ayo  masezerano ashirwa mu ngiro mu kiringo c’amasaha 72. Bimwe mu biri muri ayo masezerano, ni  ishirwaho rya reta nshasha y’ubumwe izotwara mu kiringo c’imyaka itatu mu kurindira ko hatunganywa amatora arimwo bose.  Impande zose zemeranije ko imihora yo gutanga infashanyo ku banyagihugu yugururwa, abanyororo bagirizwa ibitandukanye mu kutumvikana kumaze igihe hagati ya perezida Kiir n'abamurwanya bakarekurwa, abarwanya reta n'abasirikare ba Reta nabo bakavanwa mu birindiro bitandukanye. Itororokanirizo ry’amakuru ya  reta ya Sudani, SUNA, ryatangaje ko inteko z’umuryango w’ibihugu vya Afrika n’inteko z’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko arizo zizokurikirana ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano.          

from Voice of America https://ift.tt/2lzO5tY
via IFTTT

No comments:

Post a Comment