Ng'ibi ibituma ibihe vya Ramazani bidasanzwe kubari mw'idini rya Islamu

Uko ukwezi kweranda kwa Ramazani gutanguye, aba islamu babishoboye (kubw'amagara) babwirizwa kwisonzesha. Ntibafungura, ntibanywa, ntibanarangura amabanga y'abubatse mu kiringo c'amasaha ari hagati yo kuva izuba riseruka gushika rirenge. Ariko ikiringo ca Ramazani si igihe co kwifunga gusa. Ni n'igihe co kw'isuganya, co kwiherera ngo uwemera ashikirane n'Imana. Rabiya Limbada, umumenyesha makuru wa BBC arasigura igituma, naho bitoroshe, yiteguriye cane igihe ca Ramazani, kurusha n'ibindi bihe bidasanzwe vyo mu mwaka.

from BBC Gahuza - Urupapuro rw'itangiriro https://ift.tt/2khafQU
via IFTTT

No comments:

Post a Comment