Uwundi Muntu Yishwe na Ebola muri RDC

Uwundi umuntu yatangajwe ko yishwe na Ebola muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, bica bishikana ku gitigiri c'abantu 12, nkuko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Uwo muntu yapfiriye mu karere ka Iboko, mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Equateur. Umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko hari abandi bane bashasha bakekwa kuba barafashwe muri iyo ntara. Gushika ubu Reta yemeza ko abantu 35 bafashwe n’iyo ndwara. Gucandaga gutangurana no kuri uyu wa mbere mu bice vya Bikoro na Iboko mu ntara ya Equateur, mu gihe mu ntara ya Mbandaka baza baratanguye.

from Voice of America https://ift.tt/2seseMp
via IFTTT

No comments:

Post a Comment