Gutabara Umwana Vyahesheje Ubwenegihugu Umwimukira

Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yemereye  ubwenegihu Mamoudou Gassama, umwimukira w’imyaka 22 akomoka mu gihugu ca Mali yatabaye umwana w’imyaka ine kuri uno wa gatandatu agira akoroke ava mw’igirofa ya kane aho aba mu gisagara ca Paris.  Perezida Macron aho yahura na Mamoudou yasiguye ko Ubufaransa butoshobora guha impapuro abimukira bose baza babugana, ariko ubutwari bwa Mamoudou atowobwirengagiza. Macron yongeye agira ati:" Igisata kijejwe kuzimya imiriro no gutabara mu gisagara ca Paris citeguriye kumuha akazi."  ​Abajijwe ingene yiyumviriye kuduga ava kw'igorofa ya mbere aja ku ya kane gutabara  ako kana, Mamoudou yishuye ko aho yari  yabonye abantu batamarira ingene uwo mwana agira agwe hasi, gutyo afata ingingo yo kumurokora. "Imana yaranfashije ndashobora kubikora." Ni muri ayo majambo yabivuzemwo.  Ubutungane bwo mu gisagaraca Paris bwatangaje ko umuvyeyi w’umwana yarokowe na Mamoudou afungishijwe icamaso aho ariko arabazwa ku vyaha vyo gufata minenerwe umutekano w’umwana mu ku musiga wenyene mu nzu. Mamoudu Gassama w’imyaka 22 yinjiye nk’umwimukira aje kurondera ubuzima mu gihugu c’Ubufaransa mu kwezi kw’icenga umwaka 2009. Abaye umwimukira wa kabiri aturuka muri Mali aronkejwe ubwenegihugu ashimirwa ku butwari bwiwe inyuma ya Lassana Bathily, yabuhawe inyuma yo kurokora abantu mu gitero c'iterabwoba mu 2015 i Paris.         

from Voice of America https://ift.tt/2kwW5LS
via IFTTT

No comments:

Post a Comment