CENI Yemeje Ko YEGO Yatsinze mu Burundi

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI washize ahabona ibiharuro mfatakibanza vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rihinyanyuye. Umukuru w'uwo murwi Pierre Claver Ndayicariye yemeje ko Ego yatowe ku bice 73.26 kw’ijana nayo Oya itorwa ku bice 19.84 kw’ijana. Mu runani Amizero y’Abarundi bavuga ko batemera ivyo vyashikirijwe nuyo murwi. Evariste Ngayimpenda icegera c’uwurongoye urwo runani yavuze ko bagiye kwitura ubutungane.

from Voice of America https://ift.tt/2x9Di2v
via IFTTT

No comments:

Post a Comment